Raba ireresi yerekana ukungene bakoresha urwo rubuga ngurukanabumenyi Kirundi

Itaburo y'ivyandiko vyashizwe mu rundi rurimi

Mw' itaburo iri aha musi harimwo ivyandiko birimwo amakuru nkoramutima yerekeye amagara y'abantu Igisata c'Amagara y'Abantu cashize mu rurimi rwawe. Ico gikorwa co kubishira mu zindi ndimi cakozwe n'abasobanuzi b'indimi b'abanyamwuga babinonosoye

Ingene iyi taburo iri aha hepfo ikoreshwa.

Andika mu gakwadarato ko kurondereramwo kari hejuru ya taburo kugira urondere ukoresheje ijambo iryo ari ryo ryose riri mu mutwe w'amajambo uri mu Congereza canke washizwe mu rundi rurimi. Urashobora kandi guhitamwo ufatiye ku mutwe w'amajambo washizwe mu rundi rurimi (Translated Title), canke umutwe w'amajambo uri mu Congereza (English Title) mu gufyonda kuri umwe muri iyo mitwe y'amajambo.

Gukoresha Google Translate

Ku rubuga ngurukanabumenyi HealthVermont.gov hariko amakuru yerekeye amagara y'abantu menshi kandi urashobora gukoresha Google Translate kugira ubone amakuru yose ari kuri urwo rubuga hamwe n'amafishi menshi vyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi mu buryo bwikoresha. Kugira ubikore, hitamwo “Select Language” hejuru mu mfuruka y'i buryo ku rubuga.

Soma n'ibindi vyerekeye Google Translate

Woba ukeneye ubufasha kugira utahure amakuru y'Igisata kijejwe Amagara y'Abantu? 

Urafitiye uburenganzira amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi. Imeyiri AHS.VDHPublicCommunication@vermont.gov kugira uhabwe amaseruvisi y'ubusobanuzi bw'indimi ku buntu.

Soma vyinshi ku vyerekeye kuronka amakuru ashobora kuronkwa

Translated Title Sort descending English Title Language
Aho kwandika abanywanyi biyandikisha kandi You First Renewal Application- Kirundi Kirundi
Aho kwogera harugawe Swimming Area Closed (Cyanobacteria) Sign - Kirundi Kirundi
Aho ushobora kwipishiriza ku buntu kugira urabe ko ugwaye covid - Ireresi Where to get Free COVID-19 Test Kits - Kirundi Kirundi
Amabwirizwa y'ukungene bapima Radon Radon Test Instructions - Kirundi Kirundi
Amabwirizwa yo gushusha amazi mu mazu abikwamwo imfungurwa Boil Water Notice Guidance - Kirundi Kirundi
Amabwirizwa yo gusubira kwugurura itangwa ry’imfungurwa hamwe n’uburaro inyuma y’umwuzure Guidance for Re-Opening Food & Lodging Establishments After Flooding - Kirundi Kirundi
Amabwirizwa y’icika ry’umuyagankuba mu mazu y’imfungurwa Electrical Outage Guidance for Food Establishments - Kirundi Kirundi
Amazi yo kwidagadura inyuma y’umwuzure Recreational Water Safety After a Flood - Kirundi Kirundi
Amazi y’umwuzure ku camwa canke ku mboga ashobora gutuma ugwara cane mu gihe ubiriye Flood water on fruit and vegetables can make you sick. - Kirundi Kirundi
Bandanya kuronka amakuru mashasha yerekeye incanco zawe za COVID-19 COVID-19 Factsheet - Kirundi Kirundi
COVID-19: Ikingire ubwawe hamwe n’abandi COVID-10: Protect Yourself and Others - Kirundi Kirundi
Cyanobacteria (icatsi c’ubururu n’ibara ry’icatsi) Cyanobacteria (Blue-Green Algae) - Kirundi Kirundi
Fasha mu guhagarika ikwirakwira rya COVID-19 - Ireresi Help Stop the Spread of COVID-19 - Kirundi Kirundi
Guheba itabi hamwe n'ibikomoka kw'itabi • ikarata y'iposita Quit Smoking and Tobacco Resources • Postcard - Kirundi Kirundi
Guma umeze neza iyo hanze hashushe Stay Safe When It's Hot Outside - Kirundi Kirundi
Gupima amazi meza, Igikoresho QA - ibinyabuzima bihindagurika birimwo kororine Kit OA Volatile Organic Compounds in Non-chlorinated Drinking Water - Kirundi Kirundi
Gupima amazi yo kunywa avuye mu kinogo c'isoko ryawe Testing Drinking Water From Your Private Well - Kirundi Kirundi
Gusaba Gukosora Canke Guhindura Urupapuro rw'Amavuko Application to Correct or Amend Birth Certificate - Kirundi Kirundi
Gusaba ikopi y'icemezo c'amavuko canke iy'icemezo c'ukwitaba Imana i Vermont Application for a Birth or Death Certificate - Kirundi Kirundi
Gusaba ikopi y'urupapuro rwemeza amavuko canke urupapuro rwemeza ukwitaba Imana i Vermont, Amabwirizwa y'inyongera Application for a Birth or Death Certificate, Instructions - Kirundi Kirundi

Vyinshi ku bijanye na Google Translate

Google Translate ikoresha amaporogaramu nyabwonko kugira ihindure ibintu ibikura mu rurimi rumwe ibishira mu rundi. Ntishobora guhindura amakuru yose iyakura mu rurimi kanaka iyashira mu rundi. Ivyo yahinduye birashobora kutaba vyo canke bifise agasembwa.

Nta buhinga bwikoresha bwo guhindura ibintu bubikura mu rurimi rumwe bubishira mu rundi (hakoreshejwe amaporogaramu nyabwonko) butagira agasembwa kandi ntibufise intumbero yo gusubirira abantu basanzwe bakora uwo mwuga. Gushikira ivyahinduwe bigashirwa mu rundi rurimi hakoreshejwe Google ni seruvisi ihabwa abakoresha urwo rubuga ngurukanabumenyi kandi bayihabwa "ukwo iri." Nta garanti n'imwe ihari, haba mu buryo bweruye canke bwihishije, ku bijanye n'ukutagira agasembwa, kwizerwa, kutagiramwo ikosa mu vyahinduwe vyose bivanwa mu Congereza bishirwa mu rundi rurimi urwo ari rwo rwose. Amakuru amwe amwe arashobora kudahindurwa neza atwarwa mu rundi rurimi bitewe n'ubushobozi buke bw'ubwo buhinga.

Topics:
Last Updated: